Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze mu gihugu cose no mu gisagara cose, ah’ icagezwe c’umwami n’ivyo yashinze vyashika, Abayuda baranezerwa, bagahimbarwa, bagatumirana, bakagira umusi mukuru. Maz’ abantu benshi bo mu mahanga yo mur’ ico gihugu batora idini y’Abayuda, kukw Abayuda bāri babateye ubgoba.