Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
aravuga, ati Mwami, ni wavyemera, kandi namba ngize ubutoni imbere yawe, ukabona kw ar’ ibibereye, kandi nanje nkaguhimbara, hokwandikwa ivyete vyo gukūra bimwe vy’inama mbi Hamani mwene Hamedata Umwagagi yandikishirije guhonnya Abayuda bari mu bihugu vyawe vyose, mwami.