Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kand’ umunyamahanga ni yaza kuba muri mwebge, akagomba kuja mu vya Pasika yanje, jewe Uhoraho, izinamuhungu wese wo mu nzu yiwe akebge, aheze abone kwegera ivya Pasika, abijemwo; maz’ azoca amera nk’imvukira: ariko ntihaze hagire umuntu n’ umwe atākebge abiryako.