Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuko rero, Farawo amaze kurekura abo bantu, Imana ntiyabacisha mu nzira ica mu gihugu c’Abafilisitiya, nah’ ari yo yar’ irashe; kukw Imana yivuganije, it’ Abantu boye kuzohava bīcuza babonye intambara, bagasubira muri Egiputa.