Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Sebukwe wa Mose, amaze kwitegereza ivyo vyose Mose akorera abantu, aramubaza, at’ Ivyo ukora n’ibiki, ukorera abantu? N’iki gituma wicara ngaho ur’ umwe, abantu bose bagahagarara bagukikije, guhera mu gitondo ugashitsa ku mugoroba?