Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
arik’ umusi ugira indwi ni wo sabato yanje, jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri wo, wewe ubgawe, cank’ umuhungu wawe, cank’ umukobga wawe, cank’ umugurano wawe, cank’ umuguranokazi wawe, cank’ inka zawe, cank’ uw’ inyambukīra aba i wawe: