Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Uheze uyikerere, wābīre ku maraso yayo, uyakoze ku gutwi kw’i buryo kwa Aroni ahahera hejuru, no ku matwi y’i buryo y’abana biwe ahahera hejuru nyene, no ku bikumu vyabo vy’i buryo, no ku mano yabo manini y’i buryo, ayandi uyamijagire ku gicaniro impande zose.