Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Umusipi ujishwe n’abahinga, ujishiwe kuri wo, wo kuwukenyeza, uba kimwe na wo, wajishwe nka wo; bawujishishije intahe z’izahabu n’inyuzi z’amasufe n’iz’ amashigisha n’izisa n’agahama n’ izera derere nziza zihinzwe neza, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.