Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ Uhoraho abarira wa muntu yambaye impuzu zera, ati Genda uce hagati ya ya makurudumu yizinguriza, musi y’umukerubi, wuzuze amashi yawe yompi amakara yaka, uyakūye hagati y’abakerubi, uyakwiragize hejuru y’igisagara. Nukw ahaca mbona.