Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Bazobona ibara, abagore bapfundika ibiheko mu ngingo z’amaboko yose, bakabarīra imyitwikiro yo ku mitwe y’abantu, ukw ikirēho c’umuntu wese kiri, uti Kugira ngo babone ingene bafata abantu! Uti Mbega mwofata abantu biwe, namwe mukīkiza?