Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arik’ umugororotsi ni yahindukira akava mu bugororotsi bgiwe, agakora ivy’ ukugabitanya, akīgāna ibizira vyose umunyakibi akora, mbega yobaho? Mu bikorwa vy’ubugororotsi vyose yakoze, nta na kimwe kizokwibukwa: ubuhemu bgiwe yagize, n’ivyaha vyiwe yakoze, ni vyo azopfa azize.