Ezekiel 31:14 — Compare Translations

1 translations compared side by side

Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
kugira ngo hoye kugira igiti na kimwe co ku nkengēra y’amazi cishira hejuru kubg’ uburebure bgaco ubgaco, canke ngo gitume ubushorishori bgaco bushika mu bicu, canke ngo hagire ibihambaye vyo muri vyo bihagarara vyishimiye uburebure bgavyo, ari vyo vyose bitungwa n’amazi: kuko vyose vyatanzwe ngo bipfe, bije i bgina i kuzimu, bifadikanijwe n’abantu buntu, n’ abamanuka baja muri rwa rwobo.