Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Mu mwaka ugira mirongwibiri na gatanu uhereye aho twambukaniwe tur’ inyagano, kw itanguriro ry’umwaka, ku musi w’ icumi w’ukwezi, hashize imyaka cumi n’ine igisagara gitsinzwe, kur’ uwo musi nyene, ukuboko kw’Uhoraho kwanjeko, maz’ anjanayo.