Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arambgira, ati Mwana w’umuntu, aha hantu n’ah’ intebe yanje y’ubgami, n’ ahantu ibirenge vyanje bizohora bishinze, ni ho nzobana n’Abisirayeli ndi hagati muri bo gushitsa ibihe bidashira: kand’ ab’ inzu ya Isirayeli ntibazokwongera kwanduza izina ryanje ryera ukundi, bo ubgabo, cank’ abami babo, ngo baryandurishe ubumaka bgabo, cank’ imivyimba y’abami babo iri mu ntatemwa zabo,