Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ Uhoraho arambarira, ati Mwana w’umuntu, shirak’ umutima, ukanure manini, utege amatwi, ivyo ngira nkubarire vyose vy’amabgirizwa yose y’ingoro y’Uhoraho, n’ivyagezwe vyayo vyose; ushire umutima ku rwinjiriro rw’iyo ngoro, no kw isohokero ryose ry’ ahēra.