Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze, igihe muzogaburisha igihugu ubupfindo, ngo kibabere ishamvu, muze mukūrire Uhoraho umugabane kw ishikanwa, ube umugabane wera ukūwe ku gihugu; uburebure bgawo buze bube irenga ingero ibihumbi mirongwibiri na bitanu, n’amakika yawo abe ibihumbi cumi; uzoba uwera no gushitsa ku mbibe zawo impande zose.