Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kand’ az’ ashikane ishikanwa ry’ifu, ku masa hajekw ingero imwe yitwa efa, no ku mpfizi y’ intama hajeko efa imwe nyene, no ku myagazi y’intama hajekw ibimushobokeye, kandi kuri efa yose y’ifu hajekw amavuta, ingero yitwa hini.