Ezekiel 46:9 — Compare Translations

1 translations compared side by side

Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Arikw abantu iyo baje imbere y’ Uhoraho mu misi mikuru ishinzwe, ūzoza aciye mu kirimba giherereye i burārūko aje gusenga, ni yavayo az’ ace mu kirimba giherereye i bumanuko; kand’ ūzoza aciye mu kirimba giherereye i bumanuko, ni yavayo az’ ace mu kirimba giherereye i burārūko: ntaz’ ahindukire mu kirimba yazananye, ariko ni yavayo akomeze atumbere imbere yiwe.