Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ni co gituma ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, kuko wahumanishije ahēra hanje ibintu vyawe vyankwa urunuka, n’ibizira vyawe vyose, ni co gituma nanje ntazobura kugutūvya; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira.