Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, igihe imihindigiti yabo izoba irambaraye hagati y’ibigirwamana vyabo impande zose z’ibicaniro vyabo, ku gasozi kose gahagaze, no ku dutwe twose tw’imisozi miremire, no musi y’igiti cose gitotahaye, no musi y’igiti cose c’umweloni gihūritse, aho bāshikanirira ibigirwamana vyabo vyose ibizana imibabge imota neza.