Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, enda ni wunamure amaso yawe urābe ahahera i burārūko. Nuko nunamura amaso, ndāba ahahera i burārūko, mbona ca gishushanyo c’ikēba kiri mw irasukiro ry’ikirimba c’igicaniro, ku ruhande rw’i burārūko rwaco.