Galatians 2:14 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Maze kubona ko batariko bakorera mu kuri kw’Ubutumwa Bwiza, nabwiye Kefa imbere y’abari aho bose nti: “Nimba wewe Umuyuda, wahevye imigenzo y’Abayuda ukabaho nk’Umunyamahanga, ni kuki ugoberera Abanyamahanga gukurikiza imigenzo y’Abayuda?
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko mbonye badaca mu nzira igororotse, nk’uk’ ukuri kw’ubutumwa bgiza kuri, mbaririra Kefa imbere ya bose, nti Ko wewe witondera ingeso z’abanyamahanga, zitar’ iz’ Abayuda, kand’ ur’ Umuyuda, ugōbēra ute abanyamahanga kuba nk’Abayuda?