Galatians 3:16 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Amasezerano yahawe Aburahamu n’umwana wiwe. Ivyanditswe ntibivuga ngo “n’abana biwe,” bisigura abantu benshi ariko bivuga biti “ku mwana wawe,” bisigura umuntu umwe, uwo na we ni Kristo.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nuko Aburahamu ni we yasezeraniwe amasezerano, bo n’uruvyaro rwiwe. Ntiyavuze, it’ Imvyaro; nk’ūvuga benshi: yamara yavuze nk’ūvuga umwe, iti N’uruvyaro rwawe; ni rwo Kristo.