Galatians 3:19 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
None, ivyagezwe vyatangiwe iki? Vyatanzwe i ruhande y’isezerano kugira ngo vyereke abantu ivyaha vyabo. Ariko vyari vyashizweho gushika ku kuza kwa wa mwana yasezeranywe. Imana yatumye umumarayika aha ivyagezwe Mose, na we akaba yari umuhuza w’Imana n’abantu.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nukw ivyagezwe n’ibiki? Vyageretsweko kubg’ ibicumuro, ngo bigumeho kugeza ah’ uruvyaro ruzozira rwasezeranywe ivy’ isezerano: kandi vyahawe abamarayika kubigera, na bo babiha umushikirwa w’amajambo.