Galatians 3:21 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Mbega none hariho gusekana hagati y’ivyagezwe n’amasezerano y’Imana? Haba na mba! Nimba koko ivyagezwe vyari gushobora kuduha ubugingo bushasha, kubikurikiza kwari gutuma turonka ukugororoka.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Mbeg’ ivyagezwe birwanya amasezerano y’Imana? Eka na mba! Iyo haba harih’ ivyagezwe vyashinzwe bishobora kubeshah’ abantu, n’ukuri ukugororoka kuba kwarazanywe n’ivyagezwe.