Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kandi baramubarira, bati Tuzanywe no gusuhukira mur’ iki gihugu, kukw abasavyi bawe twabuze ubgatsi bg’ imikuku yacu, kukw ikigoyi ari cinshi cane mu gihugu c’i Kanani; none rero turasavye, wemerere abasavyi bawe, tube mu gihugu c’i Gosheni.