Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maz’ Uhoraho akangura umutima wa Zerubabeli yaganza i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, n’umutima wa Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki, n’imitima y’amasigarira yose y’iryo hanga; baraza batangura gukora ku ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo Imana yabo,