Hebrews 1:12 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Uzobizinga nk’uwuzinga impuzu; bizohindurwa nk’uko bahindura impuzu. Ariko wewe uhora uko wamye, kandi imyaka yawe ntigira iherezo.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kand’ uzobizinga nk’umutamana, Bikūranwe n’ibindi nk’ukw impuzu zikūranywa. Ariko weho ur’ uko wamye, Imyaka y’ukubaho kwawe ntizoshira.