Hebrews 11:4 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Kubera ukwizera, Abeli yashikaniye Imana ikimazi cemewe na yo kurusha ica Kayini. Ukwo kwizera kwiwe kwatumye yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kuko Imana ubwayo yemeye ishikanwa ryiwe. Kandi ku bw’ukwizera kwiwe, naho yapfuye, aracavuga.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ukwizera ni kwo kwatumye Abeli aha Imana ikimazi kiruta ica Kayini, ni kwo kwamuhesheje gushingirwa intahe kw ar’ umugororotsi, hamwe Imana yashingira intahe amashikanwa yiwe yukw ari meza, kandi ni kwo kwatumye na none akivuga, naho yapfuye.