Hebrews 11:5 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ukwizera ni kwo kwatumye Enoki ajanwa mw’ijuru atabanje gupfa. Yarazimanganye abantu baramubura, kuko Imana yamujanye. Imbere yo kujanwa, yari azwi nk’umuntu ahimbara Imana.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ukwizera ni kwo kwatumye Henoki ajanwa mw ijuru, ngo ntabone urupfu, kandi ntiyaboneka, kukw Imana yamujanye. Kuko yashingiwe intahe atarajanwa yuko yahimbaye Imana,