Hebrews 13:17 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Mugamburukire abarongozi banyu kandi mukore ivyo babategeka, kuko barinda imitima yanyu, kandi bazobibazwa n’Imana. Muborohereze kugira ngo babikorane umunezero, ata mubabaro, kuko ivyo nta ciza vyobazanira.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Mwumvire ababaganza, mubagamburukire: kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge.