Hebrews 2:10 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Vyari bikwiye ko Imana, yo yaremye vyose kandi bikaremerwa kuba ivyayo, itunganya rwose Yesu biciye mu mubabaro, kugira ngo ishikane abana bayo benshi mu bwiza bwayo, kuko Yesu ari we yatanguje inzira y’agakiza.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kukw iyo, (ni yo yaremewe vyose kandi ni yo ibeshejeho vyose), mu kurōngōra abana benshi ngw ibazane mu bgiza, vyari biyikwiye gutunganisha rwose indōngōzi y’agakiza kabo kubabazwa.