Hebrews 2:17 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ni co gituma vyari bikwiye ko ahinduka agasa natwe abavukanyi biwe muri vyose; kugira ngo atubere Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi kandi w’umwizigirwa imbere y’Imana, kugira ngo atange ikimazi gikura ivyaha vy’abantu.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ni co catumye vyaramubereye gushushanywa na bene Se kuri vyose, ngw abe umuherezi mukuru wo mu vy’Imana, w’imbabazi kand’ agororoka, abe impongano y’ivyaha vy’abantu.