Hebrews 2:8 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
kandi ibintu vyose wabishize musi y’ububasha bwiwe.” Nimba Imana yashize vyose musi y’ububasha bw’umuntu, bisigura ko ata kintu na kimwe casigaye kitari musi y’ububasha bwiwe. Ariko gushika ubu ntitubona ko vyose biri musi y’ububasha bwiwe.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Wamuhaye kuganza ibintu vyose, ubishira musi y’ibirenge vyiwe. Kw Imana yamuhaye kuganza ibintu vyose nta co yishigarije itamuhaye kugiganza. Ariko none ntiturabona ibintu vyose biganzwa na we.