Hebrews 4:7 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ni co gituma Imana yashizeho ikindi gihe co kwinjira aho kuruhukira yateguye, kandi ico gihe ni “uwu musi.” Imana yongeye kubivuga haciye igihe kirekire iciye muri Dawidi, mu gice twamaze kuvugako, iti: “Nimwumva ijwi ry’Imana uwu musi, ntimukomantaze imitima yanyu.”
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
yongera gutoranya umusi, ni wo uyu musi; ivugira mu kanwa ka Dawidi, igihe kirekire cane gihise, nk’uko tumaze kuvuga, it’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo Ntimukomantaze imitima yanyu.