Hebrews 8:10 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Iri ni ryo sezerano nzogirana n’inzu ya Isirayeli inyuma y’aho, ni ko Uhoraho avuze. Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bwenge bwabo, ndavyandike mu mitima yabo. Nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kukw iri ari ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli Hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze: Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bgenge bgabo, No ku mitima yabo kandi ni ho nzovyandika, Nanje nzobabera Imana, Na bo bazoba abantu banje.