Hebrews 9:19 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Kuko Mose amaze gusomera abantu bose amabwirizwa y’Imana, yakiriye amaraso y’impfizi n’ay’impene hamwe n’amazi, ayamijagira kuri ca gitabu c’ivyagezwe vy’Imana no ku bantu bose, akoresheje amashami y’agati kitwa ezobu n’ubwoya bw’intama bwera cane.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Mose amaze kubgira abantu bose amabgirizwa yose nk’uko vyagezwe, yābīra amaraso y’amashūri n’ay’ impene n’amazi n’ubgoya bg’intama buzigishijwe agahama, yābīra na ezobu, acucagira igitabo c’ivyagezwe, bo n’abantu bose,