Hebrews 9:7 — Compare Translations

2 translations compared side by side

Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ariko umuherezi mukuru wenyene ni we yari yemerewe kwinjira mu kibanza ca kabiri c’ihema, na ho nyene rimwe mu mwaka. Muri ico kibanza yahinjirana amaraso agiye gutanga imbere y’Imana ku bw’ivyaha vyiwe no ku bw’ivyaha abantu bakoze mu butamenya.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
ariko mu rya kabiri hinjiramw’ umuherezi mukuru wenyene, rimwe gusa uk’ umwaka utashe, ariko ntiyinjiramwo atajanye amaraso yo kwitangirira no gutangirira ubuzimuzimu bg’abantu.