Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wa Isirayeli, Uwera wiwe, abgira umwe abantu bakēngēra, uwo ihanga ryanka urunuka, umushumba w’ abaganza, at’ Abami bazobirāba bahaguruke; bo n’abaganwa, bakome amashi; kubg’ Uhoraho umwizigirwa, ni we Wera wa Isirayeli yagutoranije.