Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ūkerera inka, ahwanye n’uwica umuntu; ūtanga umwagazi w’ intama kw ikimazi, ahwanye n’ ūvuna imbga izosi; ūshikana ishikanwa ry’amafu, ahwanye n’ ūzanye amaraso y’ingurube; uwosa imibavu, ahwanye n’ūhezagira ikigirwamana. N’ukuri koko bitoranirije inzira zabo ubgabo, imitima yabo ihimbarwa n’ ibizira vyabo vy’ubuyobe.