James 5:12 — Compare Translations
2 translations compared side by side
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Ikirengeye vyose, bene Data, ntimukarahire ijuru canke isi canke ikintu cose kindi. Ico mukwiye kuvuga ni: “Ego” canke “Oya,” ikirenze ivyo ni ico kubatsindisha.
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Ariko bene Data, ikiruta vyose, ntimukarahire: ntimurahire ijuru, cank’ isi, cank’ iyindi ndahiro yose; arikw ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya; kugira ngo ntimucirwekw iteka.