Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ati Nzotuma wikanga, ukange na bagenzi bawe bose; bazohindikiranywa n’inkota z’abansi babo, nawe amaso yawe azovyibonera. Nzotanga Ubuyuda bgose mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azobajana ar’ inyagano i Babuloni, kand’ azobicisha inkota.