Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kandi nk’uko bata insukoni ziboze, zidashoboka kuribga kubgo kubora, ni ko nzota Zedekiya umwami w’i Buyuda, n’abaganwa biwe, n’amasigarira y’i Yerusalemu asigaye mur’ iki gihugu, n’abāgiye kuba mu gihugu ca Egiputa, ni jewe Uhoraho mbivuze;