Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze mur’ uyo mwaka nyene, mu matangura yo kuba ku ngoma kwa Zedekiya, umwami w’i Buyuda, ni wo mwaka wa kane, mu kwezi kwa gatanu, Hananiya mwene Azuri, kamenyi w’i Gibeyoni, ambaririra mu ngoro y’Uhoraho, imbere y’abaherezi n’abantu bose,