Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze Yeremiya abarira Zedekiya, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, ati Ni wagenda ukīsaba abaganwa b’umwami w’i Babuloni, uzokwikiza, kand’ iki gisagara ntikizotongozwa umuriro; nawe uzobona kubaho, n’abo mu nzu yawe.