Jeremiah 40:10 — Compare Translations

1 translations compared side by side

Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Nanje rāba ngerereye i Mizipa, kugira ngo nshikirweko n’Abakaludaya mu vyo bazombarira vyose, ni baza ino: ariko mweho, mwamure inzabibu za vino n’ivyo ibiti vyama na elayo z’amavuta, mubishire mu mibindi yanyu, mwibere mu bisagara vyanyu mwegukiye.