Jeremiah 40:4 — Compare Translations

1 translations compared side by side

Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Kandi non’ uyu musi ndakubohoye iminyororo iri ku maboko yawe. Ni washima kujana nanje i Babuloni, n’uze, nanje nzokugirira neza; ariko n’udashima kujana nanje i Babuloni, usigeho: eh’ igihugu cose kir’ imbere yawe; aho wumva ushima ko hakubereye kujayo, abe ari ho uja.