Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Agitebaganye kumwishura, aramubgira, ati Subirayo, uje kuri Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, umwe umwami w’i Babuloni yashizeho kuganza ibisagara vy’i Buyuda, wibanire na we hagati mu bandi bantu: cank’ aho wumva ko hakubereye kugenda hose, abe ari ho uja. Nuko wa mukuru w’abashibamyi amuha impamba n’ingabire, aramurekura.