Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Maze mu kwezi kw’indwi, Ishimayeli mwene Netaniya, Netaniya wa Elishama, wo mu nda y’ingoma, ari we umwe mu babgiriza bakuru b’umwami, azanana n’abantu cumi, aja kuri Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa; nuko basangirira na we aho nyene i Mizipa.