Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
None rero, ehe rāba imisi igira ize, ni k’Uhoraho agize, nzokwumvikanisha akarūru k’intambara i Raba h’Abamoni; kandi hazohinduka ibirundo vy’amasakamburira, n’ abakobga baho bazoyigizwa n’ umuriro: ni ho Isirayeli azokwiguranura, akegukira abāmwegukiye, ni k’Uhoraho agize.